Ibirori vyo gutanguza ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Myandagaro umwaka w’2025 niho hatanguzwa ku mugaragaro ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi rihuza igihugu c’Uburundi na Tanzaniya (Uvinza-Musongati). Iryo barabara rikaba rizoba rifise uburebure bungana n’ibirometero vyababa 240 ( 240Km) uvuye Uvinza gushika Musongati.


Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Evariste, aherekejwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza, Umushikiranganji wa mbere Ntahontuye Nestor, abashikiranganji batandukanye n’abandi banyacubahiro harimwo Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano asanzwe avuka muri iyo ntara ya Burunga ahabereye ibirori. Ku ruhande rw’igihugu ca Tanzaniya, ivyo birori vyatewe iteka n’umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya, Hassan Majaliwa Majaliwa, ari kumwe n’abanyacubahiro batandukanye. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya nibo buguruye ivyo bikorwa.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *