
Kuri uyu munsi wa gatanu, igenekerezo rya 07/03/2025, kw’ishure ry’imyuga mu Kigobe, Ishirahamwe ry’ibikorwa kinyafrika vy’impuhwe #MAC ryatunganije inyigisho zizomara iminsi 2 ku rwaruka ruva mu migambwe no mu madini atandukanye ku civugo ngo: « Urwaruka n’ibikoresho bizana impinduka mu kwubaka igihugu cacu ciza c’Uburundi »
Évangéliste Aimé Pascal Nduwimana amenyesha ko izo nyigisho ari ngirakamaro ku rwaruka ngo kuko iyo umaze kwitahura ,uca umenya n’ico gukora. Narirya Urwaruka arirwo rugifise kazoza imbere yarwo, umwanya rugifise ntiruwupfishe ubusa ariko rukore cane mukuzana impinduka mw’iterambere ry’igihugu.
Nayo umuvugabutumwa yaje ava mu gihugu ca Amerika Apostle Jide LAWORE , yifashishije ijambo ry’Imana, yahanuye urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora cane kuko irya Mbonakazoza y’Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060, ari nziza cane ku rwaruka rwo kazoza k’igihugu. Ahamagarira urwaruka kwubaha Imana n’ ukwubahana hagati yarwo , maze bamenye gukorera ku mugaragaro, umwumwe wese atohoze impano yiwe maze ayivyaze umusaruro.
Yagize ati : « Iyo igiti gifise imizi miremire , ico giti ntigishobora guhungabanywa n’umuyaga. Rwaruka imizi yanyu ishingire ku rukundo rw’Imana ».
Yahanuye kandi urwaruka kugira ingeso nziza zizira amakemwa, nko kurya igiturire kuko conona iterambere ry’igihugu. Ahamagarira urwaruka kumenya ko arirwo Imana itegura bakiri bato kugira bazovemwo indongozi zikomeye muri kazoza, asaba urwaruka gukurana ubutore n’ubwizigirwa mumabanga yose bazobazeza. Asaba urwaruka kwama bashira Imana imbere mubikorwa vyabo vya minsi yose kugira ibahe ihishurirwa n’umugisha muri vyose.
Twubake ibihugu vyacu dufatiye ku mabwirizwa y’Imana.



