Urwaruka rw’imbonerakure mu ntara ya Butanyerera ruri mw’isekeza ry’iyimbura ry’imirima y’ibigori hambavu yo gucungera umutekano

Kuri uyu wa 2 igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2025 niho imbonerakure zo mu ntara ya Butanyerera zatangura isekeza ryo kwimbura ibigori. Ivyo bikorwa vyatanguriye muri Zone ya Busiga, komine Ngozi ku mitumba ya Muremera, Rubari na Kididiri. Iryo sekeza rikaba ryatanguzwe na Nshimirimana Eric arongoye imbonerakure ku rwego rw’igihugu ari kumwe n’umunyamabanga w’intara ya Butanyerera arongoye imihari ikomoka k’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’uwurongoye imbonerakure muri iyo ntara.

Uwo arongoye imbonerakure muri Butanyerera akamenyesha ko imbonerakure zo muri Butanyerera zagiye hamwe mu makoperative kugira zirwanye inzara zongere ziterere mu mbonakazoza y’igihugu.
Ikindi yamenyesheje ni uko biteze umwimbu w’ibigori ushimishije.

N’ayo Bosco Ndayishimiye arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara avuga ko amakoperative y’imbonerakure hamwe n’ay’ abakenyererarugamba ariko arwiza umwimbu w’ibigori n’ibiharage k’urugero rudasanzwe inyuma y’inyigisho baronkejwe n’indongozi z’umugambwe CNDD-FDD.

Ndayishimiye Bosco atanga akarorero k’umutumba umwe gusa uheruka kwimbura amatoni 8 y’ibigori. Akavuga ko imitumba yose igize amakomine 25 ya Butanyerera imbonerakure zihafise imirima.

Mw’ijambo ryiwe Eric Nshimirimana arongoye imbonerakure ku rwego rw’igihugu akaba yashimishijwe n’uwo mwimbu, aho yamenyesheje ko ivyo ari ivyamwa vyerekana ko imbonerakure hambavu yo gucungera umutekano zisanzwe zikora ibikorwa vy’iterambere kugira ngo zishobore kwikenura mu gushira mu ngiro inyigisho zahawe.

Yarashimiye kandi abarongoye imbonerakure muri iyo ntara aho yagize ati: Twipfuza indongozi zikunda ibikorwa kandi zumva impanuro : Twababwiyeko atagushirira mu majambo, nimushirire mu bikorwa vy’iterambere nico gituma mubona ibikorwa biriko vyivugira.

Nshimirimana Eric akaba yagiriyeko atanga impanuro zijanye no kubungabunga umwimbu.
Yagize ati: Ntihagire umwimbu usubira kujabuka imbimbe. Ntihagire ikintu na kimwe gisubira gusohoka imbimbe vy’aba ibigori, ibiharage, ikawa, eka n’ibindi.

Yaboneyeho akaryo ko guhamagarira urwaruka rwo mu yindi migambwe kwinjira muri izo koperative kugira n’abo bashigikire ibikorwa vyo kurwiza umwimbu kuko ngo inzara ntiraba umugambwe canke ubwoko.

Yaragendeye kandi umurima munini w’imyumbati watewe n’imbonerakure zo ku mutumba Mihigo muri zone Busiga.

Inyuma y’ivyo bikorwa, aherekejwe n’imbonerakure yaciye agira urugendo n’amaguru rw’amasaha arenga abiri k’uruzi Kanyaru rugabura umupaka
w’Uburundi n’Urwanda araba uko umutekano wifashe, akaba yasanze umutekano wifashe neza kandi imbonerakure ziri ku kivi.
Akaba yaciye abahamagarira kwongereza inguvu mu guhagararira amahoro n’umutekano yongera abibutsa ko umwansi ataho yaroye, bagume barikanuye atakuryama umukondora zosi.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *