Abavuga ko uburimyi budashobora guteza imbere umuntu baba bariko barihenda cane.

Pierre Claver Ndayishimiye ni umwenegihugu w’umurimyi mworozi wo ku mutumba wa Kabuye muri komine Vumbi mu ntara ya Kirundo. Mu kiganiro yagiranye n’amunyamakuru w’Intumwa, yamwiganiye ukuntu uburimyi bumuteje imbere.

Ndayishimiye avuga ko amaze kugera ku nka umunani z’ikizungu zirimwo izishobora gukamwa amaritiro 24 ku munsi. Agira ati: « Abavuga ko uburimyi budashobora guteza imbere umuntu baba bariko barihenda cane mbere 2040 ndabona ko nzoba narubatse igorofa igeretse 2 mbere. »

Uwo murimyi mworozi avuga ko yatanguye uburimyi ari umurimyi asanzwe nk’abandi bose kuko ngo yimbuye yaronka ivyo afungura gusa n’imbuto azotera. Mu mwaka w’2020, niho yagirirwa amahirwe yo kuronswa ubumenyi bwo kurima kijambere. Ubwo bumenyi akaba yaburonkeye mu nyigisho zari zatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Welthungerhilfe. Ico gihe, yaciye atangura gutunganya agatongo yari afise araheza arashira mu ngiro inyigisho yari yahawe. Abamuhaye izo nyigisho bamaze gukurikirana uko ariko ashira mu ngiro ivyo yigishijwe, bahavuye bamuha inka zibiri kugira ngo zizoze ziramuha amase yo gufumbira itongo ryiwe, aca aba n’umurwiza mbuto.

Kuva yinjiye mu rwego rw’abarwizambuto, Pierre Claver Ndayishimiye ashikirizako, umwimbu warushirijeho kwiyongera. Ubu akaba ashobora kwimbura itoni zirenga 45 z’imbuto nziza y’ibigori n’ibiharage itoni zirenga 20. Kuri we no ku benegihugu bo kuri uwo mutumba, ndetse no muri komine ngo ni akunguko kuko ubu arashobora kuronga amafranga abika mu mufuko n’umunwa ukaronka ico ufungura. Nk’uko kandi bishimangirwa n’abakora mu mirima yiwe co kimwe n’abajejwe intwaro muri Komine Vumbi, araha akazi abakozi bari hagati 100 gushika 120 gutyo imiryango itari mike igashobora kwibeshaho, komine nayo ikahungukira amakori n’amatagisi bivuye mu burimyi n’ubworozi bwiwe.

Pierre Claver Ndayishimiye asozera ahamagarira abadashaka gukura amaboko mu mpuzu ngo bakore kuvavanura niyo ngendo mbi kuko ngo imbonokazoza y’igihugu cifashe 2040, giteye imbere 2060 itoshikwako abantu bose badakoze cane cane bagashira inguvu mu burimyi n’ubworozi. Abandanya amenyesha ko imbono kazoza azoyishikamwo yaramaze kubaka inzu y’igorofa igeretse kabiri kandi vyose akazobikura mu burimyi n’ubworozi.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *