
Kuva Sebarundi ahamagariye abenegihugu kugira uruhara mw’iterambere ry’igihugu biciye mu bikorwa kugirango bashikire imbonokazoza y’igihugu cifashe 2040, giteye imbere 2060, abanywanyi ba koperative « Koruyagwe » yo ku mutumba Santunda, komine Gitobe mu ntara ya #Kirundo, barashinze ihinguriro ry’ifu y’umwumbati abenshi bazi ku « ikivunde » ku mutumba wa santunda muri komine ya Gitobe mu ntara ya Kirundo, eka mbere baranashinga umutahe wokuja mw’ishirahamwe ryo kuvuzanya ry’abarimyi bikawa kugirango bizohore biborohera kuvuzanya hagati yabo.

Haringanji Melchiade aserukira imbere y’amategeko iyo koperative, amenyeshako ibikorwa vyiyo koperative vyatangujwe n’uburimyi 2016 mu mwaka wa 2020 baca babona gutangura guhingura no gutekera ifu. Agasaba ko boshigikirwa mu kuronswa ibikoresho bigezweho vyo bafasha guhura imyumbati kuko ngo haraho baronka isoko ndende ariko bikagoranako bakora kumwanya bivanye nuko bafise imashini imwe.
Abarimyi b’igiterwa c’umwumbati barakenguruka ko iyo koperative yaje ari igisubizo kuribo kuko ngo uretse kuba bahingurirwa ifu y’umutsima imeze neza ngo nti bahora baronka isoko bashoreramwo umwimbu wabo w’imyumbati bimbuye. #Zirikana

