UBUTUNZI : Uburundi bwaraye buhimbaje umusi mukuru wahariwe umutangakori ku ncuro y’icenda.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 03 Kigarama 2024, abanegihugu n’indongozi zitandukanye mu gihugu bazindukiye mu kibanza Cercle Hippique mu gisagara ca Bujumbura mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru wahariwe umutangakori mu Burundi ku ncuro y’icenda. Muri uyu mwaka, uyo musi mukuru wahariwe umutangakori wahimbajwe ku civugo: « Dutange neza amakori n’amatagisi, dushike ku Burundi bwifashe. »

Umushingamateka Suguru Olivier arongoye urunani rw’abadandaza, abanyamitahe n’amahinguriro mu Burundi (CFCIB) asaba ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR gukwiragiza aho bishoboka utumashini duharura amakori ku buhinga bugezweho (digitalisation), kurwiza ikiyago no guhanura abatangakori imbere yo kubahana kuko bamwe bamwe usanga batazi amategeko canke batayatahura neza.

Umukuru w’ikigo OBR Manirakiza Jean Claude yamenyesheje ko mu makori begeranije muri kino gice ca mbere c’umwaka wa 2024-2025 habayeho igihengeri c’imiriyaridi 110 z’amafaranga y’Amarundi bivuye ku bihe Uburundi bwaciyemwo. Atanga akarorero kw’ikena ry’ibitoro bituma kwunguruza abantu n’ibidandazwa bicumbagira, ikena ry’amafaranga mvamakungu akoreshwa mu kurangura mu makungu ivyankerwa Uburundi butihingurira, ihindagurika ry’ibihe ryateye imyuzurira n’ikivuko ca Bujumbura kigaterwa n’amazi y’ikiyaga Tanganyika hamwe n’abadandaza b’ibigaba badatanga amakori canke ngo babikore nk’uko vyategerezwa.

Mw’ijambo nyamukuru, Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Audace Niyonzima akaba n’intumwa idasanzwe y’Umukuru w’igihugu c’Uburundi muri ivyo birori, yavuze ko uyu musi mukuru ufasha Abarundi gutsimbataza umugenzo mwiza n’ingendo ibereye biranga umwenegihugu wese akunda igihugu kandi afise imirimo akorera mu gihugu. Umutangakori ni kirumara mu gihugu kuko ikori atanga rifasha mw’itunganywa ry’imigambi ya Reta ijanye n’iterambere. Aratanga ubuzi ku benegihugu bakikenura mu miryango yabo kandi akanafasha kwinjiza amafaranga mvamakungu.

Umushikiranganji Audace Niyonzima asaba abarimyi n’aborozi gushira inguvu hamwe mu vyo barima canke borora ku buryo haboneka imirima y’akarorero ishikana canke irenza ihegitari igihumbi (1.000ha) kandi bagakoresha ibimashini bigezweho mu kurima, kwimbura, guhingura no kubika umwimbu. Ico ciyumviro co gukorera hamwe aracerekeza ku bafise amahinguriro kuko ayahasanzwe mu Burundi ari matomato cane. Ivyo vyotuma barwiza umwimbu, Uburundi bugashora umusesekara mu mahanga kuko kugeza uyu musi, ivyinjira ari umurengera gusumba ivyo bushorera hanze.

Audace Niyonzima yasavye kandi Abarundi gushira inguvu hamwe mu kurwanya abatera inzitizi mw’itunganywa n’itangwa ry’amatagisi n’amakori. Atanga akarorero k’abadandaza badatanga amakori, abinyegeza, abatanga ibiturire n’abakora urudandazwa rwo mu kinywabi hamwe n’abafasha abadandaza (déclarants et agences en douanes) bamwe bamwe bikika mu kiza mu kwiba OBR n’abatangakori. Abahamarira kwikebuka. Abarundi bategerezwa gutahura ko amafaranga mvamakungu aboneka ari uko abenegihugu barwijije umwimbu w’ivyo bashora hanze, ari nayo baguramwo ivya nkenerwa igihugu kidafise. Kubwiwe, abenegihugu bomenya ko ata kazi ko kuvunja amahera kabaho kuko amafaranga y’igihugu agura ivyahinguriwe canke ivyimbuwe mu gihugu.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *