« Natanguye mfise ingurube 13 ariko ntabona neza uko bizogenda. Nashizemwo umwete ndegera n’abafise uburambe mu bworozi bw’ingurube hamwe n’abahinga. Ubu aho ngeze ndabona ko iterambere rishoboka kuko ngeze ku ngurube 1680. Ihangiro mfise ni kwubaka ihinguriro ry’ibikomoka ku ngurube nkanabishorera hanze. » Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umworozi, Lievin Juste Yaramba, umworozi w’ingurube akorera mu kigwati c’amahoro ca Gihungwe kiri muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza.

Lievin Juste Yaramba yamenyesheje ko agitangura umugambi wo kworora ingurube bitagaragara ko azohava ashika ku ntambwe agezeko. Yasiguye ko icatumye atera intambwe aruko yahagurutse akaja ku kivi.
Mu kurangura uwo mugambi, yahereye ku kwubaka utuzu two kwororeramwo tugera ku 40 utwo natwo tukaba twari turimwo ingurube zitarenga 13.Intango ikaba itamworoheye kuko yahuye n’ibibazo bitandukanye bifatiye ku kutamenyera ico gikogwa c’ubworozi.
Nubwo yari mushasha mu mwuga wo kworora, yarashoboye kwikora kuri bamwe mu bahinga babimyenyereye mbere aranishikira abahinga bo mu bushikiranganji buraba ivy’ubworozi kugira aronke impanuro zikwiye zijanye no gutunganya ingaburo, kurinda ibitungwa ingwara n’ingene yogwiza umwimbu biciye mu kurondoka kw’ivyo bitungwa.
Yisunze imbonakazoza y’igihugu c’Uburundi aho mu mwaka wa 2040 azoba ari igihugu cifashe nayo mu mwaka wa 2060 kikaba ari igihugu giteye imbere, Lievin Juste Yaramba yihaye ihangiro ryo kugwiza ingurube ku buryo azidandaza aho bazikenye ndetse n’inyama zikazoshorwa hakurya y’imbibe z’igihugu. Muri iyo ntumbero nyene, yihaye ihangiro ko mu mwaka wa 2027 azoba yamaze kugera ku ngurube 100.000 ku buryo ku musi azoba ashobora gushora ingurube ziri hagati ya 500 n’1000.Muri ico gihe nyene, ategekanya ko azoba afise ibagiro n’ihinguriro vya kijambere kugira ashobore gushobora mu gihugu no mu makungu umwimbu uhinguye neza ku buryo azoshobora guhiganwa ku masoko mpuzamakungu.Uwo mugambi akaba yawutanguye mu mwaka wa 2021.