Mu kigwati c’amahoro ca Gihungwe kiri muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, umworozi akaba n’umuhinga yigenga Didier Nizigiyimana, hampande y’ubundi bworozi asanzwe akorera muri komine Gihanga, aheruka gutanguza ubworozi bw’inkwavu. Inyuma y’amezi ane atanguye uwo mugambi, ku nkwavu 45 zo mu bwoko butandukanye yatanguranye ageze ku nkwavu 231. Akabona ko muri kazoza ubwo bworozi buzomuteza imbere bugateza imbere n’imiryango itari mike.

Mw’ihangiro afise, nuko ico kigo coba ikigo c’akarorero co kugwirizamwo imivyaro y’inkwavu kugira abenegihugu bazikeneye bazironke ku rugero rushimishije. Nk’uko abisigura, hariho amakoperative atandukanye akorera muri iyo komine ya Gihanga amaze kwegera ico kigo agaragaza ubushake. Akaba yiteze ko mu myaka 3 canke 4 ico kigo kizoba gishobora kuramura inkwavu 500 ku kwezi kugira abazikeneye bazironke vyoroshe.
Iyo ncabwenge ikaba itahenzwe n’amashure yize canke amahigwe y’ubuzi butandukanye ikora ngo yirengagize igikogwa c’ubworozi. Ivuga ko yakiriye nkama akamo k’umukuru w’igihugu c’Uburundi adasiba guhimiriza abakozi baba abareta canke abikorera utwabo gudapfisha ubusa amasaha y’inyuma y’akazi mu kwitunganiriza iyindi migambi nakare ngo biragoye gutera imbere utunzwe n’umushahara gusa. Didier Nizigiyimana yaboneyeho gutera akamo ugwaruka na cane cane ugwize kutarera amaboko ahubwo ruhere kuvyo rushoboye hama rugwize ibikogwa. Yashimangiye avuga ko akazi kose iyo umuntu agakoze agakunda gashobora kumutunga kakamutera n’iteka. Ni mu gihe uwo mugambi wiwe umaze guha akazi imiryango umunani akaba yiteze ko ico gitigiri kizokwigwiza na cumii mu misi iri imbere.